Perezida Ndayishimiye mu rugendo i Kinshasa rwitezweho kuganirwamwo umutekano n’ikiza ca Ebola
Umukuru w’Uburundi Evariste Ndayishimiye aritezwe gushika kuri uwu wa mbere i Kinshasa muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (DRC), mu rugendo rw’imisi ibiri nkuko iyi nkuru dukesha bbcgahuzamiryango ibigarukaho.
Nk’uko vyatangajwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu vya DRC, bibicishije ku rubuga rwa X, vyitezwe ko aza kubonana na mugenzi we Félix Tshisekedi, aho baganira “ku bibazo vy’inyungu rusangi”, harimwo ikibazo c’umutekano muke n’ikiza ca Ebola birangwa mu buseruko bw’ico gihugu.
Mu bijanye na Ebola, ico kiza gisanzwe kiri ku murindi uhangayikishije ibihugu bibanyi vya DRC n’amakungu. Ni mu gihe abantu barenga 1.000 bamaze kwemezwa ko bacanduye mu ntara za Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo.
Uburundi na DRC bisanzwe kandi bifitaniye amasezerano yo gufashanya mu gisata c’umutekano.
Ku bw’ayo masezerano, Uburundi bwararungitse ingabo zabwo mu buseruko bw’ico gihugu gufashanya n’igisirikare ca DRC (FARDC) kurwanya umuhari witwaje ibirwanisho M23, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’abahinga ba ONU bavuga ko ushigikiwe n’Urwanda, ariko rurabihakana, rukavuga ko rwashizeho gusa “ingamba z’ubwirinzi”.
Ibiro vy’umukuru wa DRC vyatangaje ko Perezida Tshisekedi aza kuja ku kibuga mpuzamakungu c’indege ca N’djili kwakira Perezida Ndayishimiye, ubu anarongoye Ubumwe bwa Afrika, mu nyuma bakaza kugirana ibiganiro vya bonyene.

